Now you can Subscribe using RSS

Submit your Email

Monday 4 July 2016

Biremezwa ko RNC yari isigaye ifite agatsiko k'abantu bahoze mu gisirikare c'Urwanda b'abatutsi.

Unknown
Abahoze bagize umurwi nyobozi wa RNC, bemeza ko RNC yari isigaye ifise agatsiko k'abantu bahoze mu gisirikare c'Urwanda b'abatutsi, bakora nk'abafise ubutegetsi bubangabanganywe n'ubwo inzego za RNC zizwi n'amategeko, bakorana na Kayumba Nyamwasa
Ikiranga Ntego RNC
Theogene Rudasingwa, aremeza ko iryo koreshwa ry'agatsiko arega Kayumba ari kimwe mu vy' ingenzi vyatumye akuramwo akarenge na bamwe mu bo bari basanganywe muri RNC.
Mu bari kumwe na Theogene Rudasingwa muri New RNC, harimwo Jonathan Musonera, Joseph Ngarambe, avuga ko bari mu bo batanguranye kuva mu 2010.

Iryo shami risha New RNC, ngo rizotangaza inzego n'uburyo ryubatse mu kiringo c'iminsi 30.
Ariko umuvugizi wa RNC, Condo Gervais, arahakana ko hari ibice muri RNC, agasobanura ko ikibazo kihari ari ico kwubahiriza amategeko.

Arabeshuza ikibazo c'uko hoba harimwo agatsiko k'abahoze ari abasirikare gashigikiye Kayumba, kagenda gateza ibibazo mw'ihuriro RNC, ahubwo akemeza ko hari ikibazo co kubahiriza demokarasi kuri Rudasingwa.
Condo Gervais avuga ko bariko bihweza ikibazo co gusubiriza inzego zo muri 2014 zari zirangije ikiringo cazo.

Condo Gervais yongeye gushimangira ko ata kwicamwo ibice kwabaye muri RNC, akemeza ko muri biro nyobozi bigizwe n'abantu batanu: Kayumba Nyamwasa, Theogene Rudasingwa, Nayigiziki, Condo Gervais na Emmanuel Hakizimana, hamwe na Corneille Minani, ngo Rudasingwa niwe wenyene yavuyemwo.
Nayo mu bahuzabikorwa, Condo yemeza ko uwumaze kumenyekana ko yavuyemwo ari Jonathan Musonera.




_____
BBC - Gahuza

Unknown / Author & Editor

Has laoreet percipitur ad. Vide interesset in mei, no his legimus verterem. Et nostrum imperdiet appellantur usu, mnesarchum referrentur id vim.

0 comments:

Post a Comment

Coprights @ 2016, Blogger Templates Designed By Templateism | Distributed By Gooyaabi Templates